Urupapuro nyamukuru

Kuva Wikipedia
Ikarata y'Uburundi

Murahawe ikaze kuri Wikipediya mu rurimi rw'Ikirundi!

Nimwisanzure mu gusoma no gutanga ivyiyumviro unakosore ivyanditswe

Gushika ubu dufise inyandiko 650 mu rurimi rw'Ikirundi.

Izindi ndimi zo muri Afirika zitandikwa cane kumbuga ngurukanabumenyi

Afrikaans · Akan · አማርኛ · Bamanankan · Chi-Chewa · chiShona · chiTumbuka · Ɛʋɛ · Fulfude · Gĩkũyũ · هَوُسَ · Ìgbo · isiXhosa · isiZulu · Kinyarwanda · Kiswahili · Kongo · Lingala · Luganda · Malagasy · Oromoo · Sängö · seSotho · Sesotho sa Leboa · Setswana · SiSwati · Soomaaliga · ትግርኛ · Tshivenda · Twi · Wolof · Xitsonga · Yorùbá


IKIRERE N'IBIDUKIKIJE

IKIRERE Turi mu bihe vyihindagurika vy'ibihe, hari igihe imvura igwa canke izuba ikaka.Izuba rirasa ari ryinshi kandi turi mu bihe vy'imvura, kenshi na kenshi izuba rirasa mugatondo hama kumugoroba imvura rikagwa.Mu burundi, dufatiye mu gisagara ca Bujumbura-Maire, izuba irashobora kuba iriko iraka utuvura tukagwa.Mu mwaka uheze mu mpera z'umwaka aho twari twiteze imvura igwa siyo yaguye.Kuriyo mvo ivyokurya vyaciye bitankura kubura no kuzimba.Mu burundi, dufatiye mu gisagara co hagati ca Bujumbura-Mairie mu Gatumba bahangamiwe n'impanuka y'imvura zikomoka kumindagurika y'ikirere,bica bituma yuko amazu atwagwa.Ikindi naco, imvura n'izuba birafise akamaro kanini mu buzima bw'abantu ahanini mub'iterwa

IBIDUKIKIJE Mu Burundi dukikije n'amazi, ibiti, imisozi n'ibikoko.Amakamaro k'ibidukikije, dufatiye mu biti bidufasha gukwega impwemu mbi, bigasohora impwemu nziza, bigatuma tubaho neza kandi bidufasha kukinkira imvura nyinshi ntitware amazu.

Ikirere ca Rumonge

Intara ya Rumonge n'imwe mu ntara 18 z’Uburundi.


Rumonge, nk'intara, ihana imbibi n'intara ya Bujumbura mu majaruguru, intara ya Makamba mu majepfo, intara ya Bururi mu burasirazuba yamara mu burengerazuba, intara ya Rumonge ihana imbibi na Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Ku rundi ruhande, intara ya Rumonge ni imwe mu zo mu Burundi ziherereye ku nkombe z'ikiyaga ca Tanganyika, kandi ifite icambu cakira amato ava mu bihugu nka Tanzaniya, Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Malawi na Zambiya.


Rumonge ni kamwe mu turere two mu Burundi dufite ubutaka bwimbuka cane. Hano hari imisozi, ibiyaya, inzuzi na Tanganyika.


Ikirere ca Rumonge kirashushe kandi kigakanya bisanzwe. Ubushuhe buri hagati ya dogere selisiyusi 18 na 33 ukabona impuzandengo y'imvura ya mm 800 kugeza 1200 kumwaka. Hamwe n'imvura yizewe, abarimyi barashobora kurima no kwimbura. Imvura itangira muri Gitugutu ikarangira muri Rusama.

Igihe c'impeshi kigeze (Ukwakira kugeza Gicurasi), amazu canke amashure bikunze gutwarwa n’imvura y’umwuzure mu turere dutandukanye tw’intara ya Rumonge, ariko kandi n’ibiti bifata insinga z’umuyagankuba wa REGIDESO.


Igihe c'urushana gikurikirwa n'igihe c'izuba arico twita igihe c'ici. Ici ritangura cane cane muri Ruheshi kugeza muri Nyakanga aho dusanga haba hari izuba ryinshi. Ntahonsigaye (ikiyago) 19:11, 30 Ndamukiza 2023 (UTC)[kwishura]